Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiganiro vy’abarundi bibera hanze bitegekanijwe gusubira kuba muri Gitugutu 2017

DSCDDFF08871Umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana yaraganutse ku wa 6 Nyakanga 2017 avuye mu gihugu ca Tanzaniya aho yari yitavye ubutumire bwa Benjamin William Mkapa, icegera c’umuhuza mu biganiro hagati ya  Reta y’Uburundi n’abanyaporitike  bamwe. Yamenyesheje ko bavuganye ibijanye n’ivyokorwa kugira ngo mu kwezi kwa Kigarama kw’uwu mwaka ibiganiro hagati y’abarundi bibera  hanze y’igihugu bizosozerwe.  Nduwimana yamenyesheje ko, inyuma yo gushikiriza icegeranyo c’ivyakozwe n’ ibiro arongoye, Mkapa yarifuje ko bobonana nawe amaso mu yandi. Ku bijanye no kumenya igihe ivyo biganiro vyo hanze bizosubirira kuba, umuhuza w’abarundi Nduwimana yavuze ko bishobora kuzosubira mu kwezi kuza kwa Gitugutu .

Ngo Mkapa yarategereye neza cane ko hadakwiye gutumirwa abakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi. Ngo abo bobanza kwitaba ubwo butungane kugira ngo babazwe ku makosha bakoze nko gushaka guhirika ubutegetsi.  Ku bwa Edouard Nduwimana ngo abo bobanza kwitaba ubutungane canke bakaza gusaba ikigongwe abarundi ku makosha babakoreye. Ku  kibazo Nduwimana yabajijwe kijanye n’ingene vyoshoboka ko aba umuhuza w’abarundi kandi asanzwe ari umunywanyi avyemera w’umugambwe CNDD-FDD. Ngo  ntiyosanga  ahengamira kubo basangiye umugambwe ari hamwe bishitse ko ahuza Reta canke abo basangiye umugambwe hamwe n’abandi bo mu yindi migambwe. Nduwimana yishuye ko ivyo bitomushikira kuko igikuru ari ugukurikiza amategeko, n’ikimenyamenya ngo inyuma y’ibiganiro vyabereye mu gihugu ca Finlande, hari abanyepotike batashe. Ku vyerekeye abanyeporitike bavuga ko bakumirwa mu biganiro kubera  ivyiyumviro vyabo,Edouard Nduwimana yavuze ko ivyo ari icitwazo kidafashe. Ku bwiwe ngo ni benshi bama bashikiriza ivyiyumviro vyabo ariko batigera bakakazwa. Ngo hari  mbere n’abatashe nka Sylvestre Ntibantunganya bama bashikiriza iryo bagona mu mwidegemvyo.  Yaboneyeho nyabuna guhamagarira abanyaporitike n’abandi bose ataco biyagiriza bakiri hanze y’igihugu  gutahuka kugira ngo bafatanye na benewabo bari mu gihugu guteza imbere igihugu cabibrutse ari nako biteza imbere hatibagiwe kwitegurira neza amatora yo mu 2020.

Umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana yaraganutse ku wa 6 Nyakanga 2017 avuye mu gihugu ca Tanzaniya aho yari yitavye ubutumire bwa Benjamin William Mkapa, icegera c’umuhuza mu biganiro hagati ya  Reta y’Uburundi n’abanyaporitike  bamwe. Yamenyesheje ko bavuganye ibijanye n’ivyokorwa kugira ngo mu kwezi kwa Kigarama kw’uwu mwaka ibiganiro hagati y’abarundi bibera  hanze y’igihugu bizosozerwe.  Nduwimana yamenyesheje ko , inyuma yo gushikiriza icegeranyo c’ivyakozwe n’ ibiro arongoye, Mkapa yarifuje ko bobonana nawe amaso mu yandi. Ku bijanye no kumenya igihe ivyo biganiro vyo hanze bizosubirira kuba, umuhuza w’abarundi Nduwimana yavuze ko bishobora kuzosubira mu kwezi kuza kwa Gitugutu . Ngo Mkapa yarategereye neza cane ko hadakwiye gutumirwa abakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi. Ngo abo bobanza kwitaba ubwo butungane kugira ngo babazwe ku makosha bakoze nko gushaka guhirika ubutegetsi.  Ku bwa Edouard Nduwimana ngo abo bobanza kwitaba ubutungane canke bakaza gusaba ikigongwe abarundi ku makosha babakoreye. Ku  kibazo Nduwimana yabajijwe kijanye n’ingene vyoshoboka ko aba umuhuza w’abarundi kandi asanzwe ari umunywanyi avyemera w’umugambwe CNDD-FDD. Ngo  ntiyosanga  ahengamira kubo basangiye umugambwe ari hamwe bishitse ko ahuza Reta canke abo basangiye umugambwe hamwe n’abandi bo mu yindi migambwe. Nduwimana yishuye ko ivyo bitomushikira kuko igikuru ari ugukurikiza amategeko, n’ikimenyamenya ngo inyuma y’ibiganiro vyabereye mu gihugu ca Finlande, hari abanyepotike batashe. Ku vyerekeye abanyeporitike bavuga ko bakumirwa mu biganiro kubera  ivyiyumviro vyabo,Edouard Nduwimana yavuze ko ivyo ari icitwazo kidafashe. Ku bwiwe ngo ni benshi bama bashikiriza ivyiyumviro vyabo ariko batigera bakakazwa. Ngo hari  mbere n’abatashe nka Sylvestre Ntibantunganya bama bashikiriza iryo bagona mu mwidegemvyo.  Yaboneyeho nyabuna guhamagarira abanyaporitike n’abandi bose ataco biyagiriza bakiri hanze y’igihugu  gutahuka kugira ngo bafatanye na benewabo bari mu gihugu guteza imbere igihugu cabibrutse ari nako biteza imbere hatibagiwe kwitegurira neza amatora yo mu 2020. 

Schola Uwanyirigira

 

Ouvrir