Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta n’abagiraneza baratewe akamo n’ikigo Akamuri ngo bagifate mu mugongo

DSC 0001DSEEIkigo gikurikirana abana bafise ubumuga bwo mu mutwe (centre Akamuri)co kw’I Jabe komine Mukaza mu Gisagara ca Bujumbura  ngo kirabandanya kwakira abana bagendana ubumuga  naho gifise ingorane zijanye n’uburyo. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ico kigo Philimine Bafatimana mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE  kw’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017.Ikigo gikurikirana abana bafise ubumuga bwo mu mutwe (centre Akamuri)co kw’I Jabe komine Mukaza mu Gisagara ca Bujumbura  ngo kirabandanya kwakira abana bagendana ubumuga  naho gifise ingorane zijanye n’uburyo.

Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ico kigo Philimine Bafatimana mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE  kw’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017.Nk’uko yabimenyesheje ngo ico kigo cakira abana bakivuka gushika ku bafise imyaka 15. Abo bana kandi ngo barabagorora, bakiga, bakongera bagakora n’ibikorwa bijanye n’imyuga mu ntumbero yo kubategurira kazoza. Kugira bakire abo bana, abavyeyi basabwa gutanga uburyo butoyi buri kwezi ariko ngo kubera hari igihe ubwo buryo bataburonka n’uwutabufise baramwakira. Ico kigo rero ngo kiraheza kigakorana n’abavyeyi mu kubasigurira ivyo bategerezwa gukorera abana mu gihe baba bari i muhira bakanamenya n’ivyo baba bize kw’ishure, ngo barategura n’inyigisho ku bavyeyi zo kubasigurira uko bokurikirana abana. Yaranamenyesheje kandi ko basanzwe bakorera mu ntara za Bujumbura na Bubanza, bakaba bashatse gupfunyira ingendo  abavyeyi ariko rero ngo bakaba bipfuza no gukorera no mu zindi ntara. Mu gukorera muri izo ntara, ngo bakoresha abakozi basanzwe bajayo iminsi yose(clinic mobile). Ngo bivanye n’uwo mugambi, ico kigo kiratanga kandi inyigisho bakongera bagahimiriza ikibano n’abavyeyi kugira ngo bafate mu minwe ikibazo c’abana bagendana ubumuga.

Mu bijanye n’ugufashanya n’abavyeyi kandi, ngo baragendera i muhira aho abo bana baba kugira barabe ko abavyeyi bakurikiza impanuro babahaye, bakongera bagafasha mu vy’imibano  mu gihe basanze hari ibintu bishobora kubera intambamyi umwana. Aho yaciye atanga akarorero ko hari igihe usanga inzu umwana abamwo ifise umuryango udashobora gucamwo agakinga aba asanzwe agendesha gutyo bikamubuza kwagukirwa, aho rero ngo baraheza bagafasha mu guca bagura uwo muryango. Hambavu y’ivyo ngo barafasha n’imiryango idashobora kuronka uburyo bwo kubeshaho abana, bakongera bagafasha n’amashirahamwe agizwe n’abavyeyi bafise abana bagendana ubwo bumuga kugira bumve ko bashigikiwe. Ikindi naco ngo ico kigo gisanzwe gifashwa n’ishirahamwe Union des Personnes Handicapés au Burundi/fondation « liliane » rifasha mu gutanga imiduga ibashikana hirya no hino mu gihugu  bakongera bagafashwa n’ishirahamwe « Réseau des centres des personnes handicapés ».Yabandanije amenyesha ko naho biruko ingorane zo zitabuze zijanye n’uko ata buryo buriho  bwo kwiyunguruza kugira bashobore gushikira abavyeyi mu zindi ntara, bakongera bakagira n’ikibazo c’abakozi bivanye n’uko ata mahera yo kubahemba bafise hamwe n’uko amashure yo kwigiramwo adakwiye.  Yaheraheje asaba Reta n’ayandi mashirahamwe abishoboye kubunganira mu guhemba abakozi hamwe n’uko bofasha mu kwagura aho bakorera.

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir