Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubuswise ngo buzoguma bufasha Uburundi mu gutsimbatza amahoro no mu migambi y’iterambere

CDFGIgihugu c’Ubuswisi ngo gifasha Uburundi mu gisata co gutsimbataza amahoro, gufashanya mw’iterambere no kuburonsa ubuhinga bukenewe mu vyerekeye kuraba ibisata Uburundi bukeneyemwo imfashanyo kurusha ibindi. Ivyo vyamenyeshejwe na Joachim Kercen yaje arongoye intumwa z’igihugu c’Ubswisi zari zaje kubonana n’abarongoye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ku wa 6 Nyakanga 2017.

Igihugu c’Ubuswisi ngo gifasha Uburundi mu gisata co gutsimbataza amahoro, gufashanya mw’iterambere no kuburonsa ubuhinga bukenewe mu vyerekeye kuraba ibisata Uburundi bukeneyemwo imfashanyo kurusha ibindi. Ivyo vyamenyeshejwe na Joachim Kercen yaje arongoye intumwa z’igihugu c’Ubswisi zari zaje kubonana n’abarongoye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ku wa 6 Nyakanga 2017.Yamenyesheje ko yashimye ukugene yakiriwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda n’ukugene bakoranye neza n’abashingamateka n’abakenguzamateka baserukiye abandi mu ntumbero yo kuraba ivyo Inama Nshinagamteka y’Ubuswisi yofasha iy’Uburundi. Inama Nshingamateka y’Ubuswisi rero ngo izofasha Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’Uburundi mu bisata bitatu nko gukarihiriza ubwenge abashingamateka n’abakenguzamateka b’abarundi mu bijanye n’amategeko; ibijanye n’itunganywa ry’amakomisiyo n’ibindi. Inyuma y’iyo nama bari bahejeje kugiriranira n’abaserukira abashingamateka n’abakenguzamateka b’abarundi, umuvugizi w’Inama Nshingamateka Badian Ndayihimbaze yamenyesheje ko izo ntumwa z’igihugu c’Ubuswsisi zabanje kwakirwa n’Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda aho zamumenyesheje ko bazanye inkuru nziza y’uko Inama Nshingamateka y’Ubuswisi izofasha Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’Uburundi.

Ngo izofasha mu bijanye n’amategeko, gukorera mu makomisiyo n’umugambi w’amahoro. Umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi nawe Pascal Nyabenda ngo yamenyesheje ko yashimye kubona igihugu c’Ubuswisi cafashije cane Uburundi mu mugambi w’amahoro vyafashije gushika ku masezerano y’amahoro y’i Arusha yo mu mwaka w’2000 hamwe no gutsimbataza amahoro.Mu nama izo ntumwa zagiriraniye n’abaserukiye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ngo bemeye ko Inama Nshingamateka y’Ubuswisi  izofasha mu bisata 3 vyavuzwe. Ngo iyo nama rero yabaye intango kuko bwaca ku wa 7 Nyakanga 2017 basubira kubonana mu ntumbero yo kunoganza neza ivyo bisata bazofashanyamwo.

Epitace Nduwayo  

 

Ouvrir