Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ukunagurwa muri mutima mweranda biri mu masakaramentu afasha umukirisu kwisubirako

 

IMG 20170830 092809Muri  Ekereziya Gatorika harimwo  amasakaramentu atari make . Muri ayo rero hariho iryo bita kunagurwa muri mutima mweranda  kikaba ari ikimenyetso ceranda cashinzwe na yezu kristu kironswa umuntu amaze kuronka ayandi masakaramentu  nk’ibatisimu no gukomezwa muri mutima mweranda akaba kandi afise Yezu muri we. Ni ikimenyetso kiboneka mugabo kiri mu kuri kutaboneka cinziza umukristu mu bunywanyi n’Imana kikaduha kunywana nayo  kikaturonsa n’ubuzima bw’Imana. Ivyo vyamenyeshejwe na patiri Pierre Nsengiyumva ari mu biro vya Diyoseze ya Bujumbura  bijejwe ingo n’imiryango.Muri  Ekereziya Gatorika harimwo  amasakaramentu atari make . Muri ayo rero hariho iryo bita kunagurwa muri mutima mweranda  kikaba ari ikimenyetso ceranda cashinzwe na yezu kristu kironswa umuntu amaze kuronka ayandi masakaramentu  nk’ibatisimu no gukomezwa muri mutima mweranda akaba kandi afise Yezu muri we. Ni ikimenyetso kiboneka mugabo kiri mu kuri kutaboneka cinziza umukristu mu bunywanyi n’Imana kikaduha kunywana nayo  kikaturonsa n’ubuzima bw’Imana. Ivyo vyamenyeshejwe na patiri Pierre Nsengiyumva ari mu biro vya Diyoseze ya Bujumbura  bijejwe ingo n’imiryango.

Yamenyesheje ko ukunagurwa muri mutima mweranda ari ukuronswa ingabirano za mutima mweranda kuko iyo umuntu avutse avuka ari ikiremwa muntu ariko gitandukanye n’ibindi  biremwa kuko avukana ubwenge n’agashusho  k’Imana ivyo rero nivyo biheza bigatandukanya umuntu n’ibindi biremwa. Naho biri uko  ngo umuntu amaze kuvuka ntahamagariwe kuguma ari ikiremwa Imana ica imuhamagarira kuba umwana w’Imana.  Amaze  kuronswa isakaramentu  ry’ibatisimu Imana ica imuhindura  ikamushiramwo ubuzima bwayo ni ukuvuga ko iba ibivye muri we agatima k’ubweranda ari nako yama na ntaryo irondera mumu kristu.  Kukaba nk’ako umuntu araheza akagenda arakura hanyuma agakomezwa muri mutima mweranda, aho rero aba yatiwe ngo ashobore gushingira intahe yezu kirisu aho ari hose adatinya kuko aba yaronse ingabirano ya mutima mweranda  y’ubwenge, y’ubwitonzi, y’inama nziza, y’ubukomezi, yo kubaha Imana hamwe n’iyo  gusenga.  Izo ngabirano ngo n’izo umukristu aja arakoresha mu buzima bwiwe.  Ngo birashika rero umukristu akaba yararonse ayo masakaramentu n’ingabirano zose  ariko hakagera igihe bigasa n’uko ata na kimwe yigeze aronka agasa n’uko yasinziriye izo ngabirano zigasa n’uko ataco zikimumariye mu buzima bwiwe no mu gihe ari mu bimugora ntavyibuke ko yazironse mbere n’iyo bishitse agasoma igitabu c’ijambo ry’Imana ntasabe ingabirano y’ubwenge kugira imutahuze, usanga uwo muntu n’aho yoba asenga kunywana n’Imana biri kure nk’ukwezi iyo ahuye n’ibigeragezo nta nkomezi aronka zo guhangana navyo.  Abantu nk’abo rero ngo ni benshi cane ninabo baca bakenera kunagurwa muri mutima mweranda ni ukuvuga ko aba avyuye, ashize muri kubu ingabirano zose Imana iha umuntu uhereye kuza mutima mweranda,  kungabirano zo kuba umwana w’Imana mu kuri,  iyo kwishushanya na yezu no kumushingira intahe umwanya uba ukiri kw’isi.  Ivyo vyose rero ni ivyo Ekereziya iza  kunagura iyo umuntu anaguwe muri mutima mweranda.  Aca aba umukristu w’ukuri atavanga Imana na shetani canke no kubesha aca aba wa mu kristu w’ukuri imbere y’Imana n’abantu.Yarangije amenyesha ko umuntu wese yemera imana ko  arico ahamagariwe. Nico gituma  hanagurwa umuntu wese w’umukristu avyifuza.Yaciye ahanura umukirisu wese yumva ko amasakaramentu yaronse yaryamye , koza bakayanagura kuko abakristu banaguwe ntusanga ari babantu bagikeka ntibakora ico Imana idashaka.  

 Joslyne Ndayegamiye                                                          

Ouvrir