Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Bubanza Abatwa bahamagariwe kwijukira kurima kugira biteze imbere nk’abandi barundi

gastibIcegera ca mbere c’Umukuru w ‘igihugu Gaston Sindimwo ahamagarira  abatwa na cane cane abo muri komine Rugazi, gukura amaboko mu mpuzu, barime kugira biteze imbere nk’abandi barundi bose. Ako kamo yakabatereye muri komine Rugazi, intara ya Bubanza mw’ijambo yashikirije ku wa 8 Nyakanga 2017 igihe yari aramutse  agendera iyo komine mu ntumbero yo gushikiriza imfashanyo imiryango 126 y’abatwa  hamwe n’iyindi miryango 10 y’abanyagihugu batishoboye.

Icegera ca mbere c’Umukuru w ‘igihugu Gaston Sindimwo ahamagarira  abatwa na cane cane abo muri komine Rugazi, gukura amaboko mu mpuzu, barime kugira biteze imbere nk’abandi barundi bose. Ako kamo yakabatereye muri komine Rugazi, intara ya Bubanza mw’ijambo yashikirije ku wa 8 Nyakanga 2017 igihe yari aramutse  agendera iyo komine mu ntumbero yo gushikiriza imfashanyo imiryango 126 y’abatwa  hamwe n’iyindi miryango 10 y’abanyagihugu batishoboye.Umuryango wose ukaba waronkejwe ibiro 17 vy’umuceri hamwe n’isuka kugira babatere intege barime gutyo biteze imbere. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abatwa bo mu Rugazi n’abandi barundi kugira umutima w’urukundo kuko ariyo nzira yonyene yo guteza imbere igihugu. Yarongeye amenyesha ko ahari indyane, amacakubiri ata terambere riharangwa ahubwo harangwa amarira n’amaganya. Yamenyesheje kandi ko aho aheruka aho mu Rugazi yari yasavye musitanteri ayirongoye ko ata mwana n’umwe yoreka kwandikwa mw’ishure kubera imvo y’ubukene. Yaboneyeho akaryo ko kubamenyesha ko musitanteri n’ubu azoba arabahaye amakaye 4 mu kurindira ko Reta ibaha ayandi. Yasavye abatwa bo mu Rugazi kwikuramwo ingendo yo gusegerereza, ahubwo bahejeje kurima bazosabe imbuto. Ngo yiyemeje kugendera abatwa bo mu Rugazi bari mu masite atanu kugira yirabire aho barimye. Ngo ntihagire rero uwugurisha isuka kuko yoba yisubije inyuma nk’ibirenge. Imbere yaho musitanteri wa komine Rugazi, Sylvie Nizigama mw’ijambo ry’ikaze yaramenyesheje ko komine Rugazi irangwamwo amahoro n’umutekano ku misozi yose iyigize uko ari 14. Iyo komine kandi ngo igizwe n’intara kama zine arizo Imbo, mu Mirwa na Mugamba.  Uwaserukiye abatwa bo muri site ya Mubuga nawe, Nestor Bancuriyeko yasavye Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu ko Reta yobama hafi. Bisubiye ngo ntibasubire kubita « abaterambere » kuko bari inyuma y’abandi barundi. Bisubiye ngo mu mwaka w’2020 ngo bazobaronse n’umushikiranganji umwe muri Reta. Kw’izina ry’abatwa bo muri site ya Mubuga yarashimiye musitanteri wa komine Rugazi kuko abafasha cane.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir