Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi Prezida NKURUNZIZA yarifatanije n’abanyagihugu bo mu Vyerwa mu bikorwa vy’iterambere rusangi

DSC07807Umukuru w’igihugu Petero NKRUNZIZA kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2017 yari aramutse yifatanya n’abanyeshure hamwe n’abanyagihugu bo mu Vyerwa, muri komine Mwumba, intara ya Ngozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi, bakaba  bariko bubaka uruzitiro rw’isoko ya kijambere yaho.   Umukuru w’igihugu Petero NKRUNZIZA kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2017 yari aramutse yifatanya n’abanyeshure hamwe n’abanyagihugu bo mu Vyerwa, muri komine Mwumba, intara ya Ngozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi, bakaba  bariko bubaka uruzitiro rw’isoko ya kijambere yaho.  

 Imbere yaho, Prezida NKURUNZIZA yabanje kurongora igikorwa co gucagura abana bafise imyaka kuva kuri cumi n’itatu gushika kw’icumi n’itanu bazokwigishwa ubuhinga bwo gukina mw’ishure ry’umupira w’amaguru « Le Mesager ».Nk’uko uwujejwe ibibuga n’abakinyi muri iryo shure « Le Message », Léonard Reagan Manariyo yabimenyesheje , ngo Umukuru w’igihugu yabatoye mu ntumbero yo kugira  ituta ry’abakinyi b’ishure ry’umupira w’amaguru, Le Messager ry’i Ngozi kubera ko abakinyi bari basanzwe bafise mu cicaro ca mbere bariko barakura. Yaramenyesheje kandi ko imbere yo kubatora batumyeko abavyifuza bo mu makomine yose agize intara ya Ngozi, hanyuma baraba abazi gukina kurusha abandi, kandi bazi gufata neza umupira. Léonad akaba yarangije atera akamo abavyeyi n’uwo wese abishoboye gushigikira iryo shure, kubera ko ari uburyo bwo kwegeranya abana babo ngo bave mu bitanzi kuko umupira utuma abantu begerana, bagakundana bakongera bakunda igihugu.

Gloriose Nshimirimana

 (Uwimenyereza)

 

Ouvrir