Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igiporisi c’Uburundi gihamagariwe kwama gitunganya imyimenyerezo yo kurwanya iterabwoba

Ibihugu 13 bihurikiye mw’ishirahamwe EABCO rihuza abarongoye igiporisi  co muri kano karere bisabwa kwama bitunganya uko umwaka utashe umwimenyerezo wo kurwanya iterabwoba bakoresheje ubuhinga bwa none bugezweho. Ni muri iyo ntumbero igiporisi c’Uburundi catunganije uwo mwimenyerezo ku kibuga c’umupira w’amaguru c’ishure ryisumbuye  ry’imyuga ryo mu Kamenge (ETS) ku wa 5 Nyakanga 2017. Ivyo bikaba  ari ivyashikirijwe na OPC1 Jean De Dieu Niyongabo icegera c’uwujejwe igendereza mu giporisi c’Uburundi.Ibihugu 13 bihurikiye mw’ishirahamwe EABCO rihuza abarongoye igiporisi  co muri kano karere bisabwa kwama bitunganya uko umwaka utashe umwimenyerezo wo kurwanya iterabwoba bakoresheje ubuhinga bwa none bugezweho. Ni muri iyo ntumbero igiporisi c’Uburundi catunganije uwo mwimenyerezo ku kibuga c’umupira w’amaguru c’ishure ryisumbuye  ry’imyuga ryo mu Kamenge (ETS) ku wa 5 Nyakanga 2017.

poiiiIvyo bikaba  ari ivyashikirijwe na OPC1 Jean De Dieu Niyongabo icegera c’uwujejwe igendereza mu giporisi c’Uburundi.Kubera muri ibi bihe kw’isi yose iterabwoba ryimonogoje, Jean De Dieu Niyongabo yamenyesheje ko Uburundi butegerezwa kwitegura kuko butazi umunsi n’isaha uwo mwansi ashobora kubutererako. Ngo zimwe mu ntwazangabo zo mu giporisi c’Uburundi zikaba zaragiye mu mahanga kwiga kurwanya iterabwoba. Tubamenyeshe ko ivyo bikorwa vyari vyahuje igiporisi gikorera  mu gisagara ca Bujumbura ariko ngo bikazotunganywa no mu bindi bisagara vy’igihugu. Yongeye amenyesha ko uwo mwimenyerezo wahuje imirwi y ’igiporisi gusa ngo kubera ko ari uw’intango ariko ngo mu mwimenyerezo izokurikira bazoshiramwo n’abaserukira abanyagihugu, aho atanga akarorero nk’abadaharanira inyungu za poritike, abaserukira intwaro n’abandi ngo kubera ko  kurwanya iterabwoba atari igikorwa c’igipolisi gusa.OPC1 Jean De Dieu Niyongabo yarangije amenyesha ko mu kurwanya iterabwoba hakorwa vyinshi. Ngo ico gikorwa naco kikaba  gihagaze ku nkingi 4 arizo : gukinga; gutohoza ; gukurikirana abo bantu babigize, ica nyuma naco ngo ni mu gihe habaye igitero kugira ngo ico gitero, ntikibabaze cane igihugu.  Ivyo navyo ngo bigatuma igiporisi co nyene kitobishobora ngo ari naho bategerezwa gushiramwo abo basangiye ico gikorwa haba abasirikare; aba «civile» canke abajejwe igendereza kugira ngo bakorane.  

Nshimirimana Gloriose(Uwimenyereza)

 

Ouvrir