Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abafise amahinguriro mu Burundi barakeneye kumenya ibisabwa kugira bahiganwe ku masoko mpuzamakungu

bayagaAbanyamitahe bafise amahinguriro mu Burundi ngo barakeneye ubumenyi ku bisabwa ku masoko mpuzamakungu kugira ivyo bahingura bishobore guhiganwa n’ibindi bidandazwa vyo  mu karere no mu makungu. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’ikigo API  Didace Ngendakumana ku wa 5 Nyakanga 2017. Aho hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru  ahejeje kwugurura inama yari igenewe abarwizatunga n’abanyamitahe bakorera mu Burundi.Abanyamitahe bafise amahinguriro mu Burundi ngo barakeneye ubumenyi ku bisabwa ku masoko mpuzamakungu kugira ivyo bahingura bishobore guhiganwa n’ibindi bidandazwa vyo  mu karere no mu makungu.

Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’ikigo API  Didace Ngendakumana ku wa 5 Nyakanga 2017. Aho hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru  ahejeje kwugurura inama yari igenewe abarwizatunga n’abanyamitahe bakorera mu Burundi.Ikigo API ngo catunganije iyo nama mu ntumbero yo kuronsa inyigisho abanyamitahe bafise amahinguriro mu Burundi kugira babereke ibisabwa kugira ivyo  bahingura vyiyongere. Ngo gutyo ubutunzi bw’igihugu bwokwiyongera n’amahera y’agaciro akiyongera.  Yamenyesheje ko ahanini haheze imyaka Uburundi bushorera ku masoko mpuzamakungu ikawa n’icayi. Muri kino gihe ngo birakenewe ko nk’ivyuma bikorerwa mu Burundi, ibirimwa n’ibihingurwa mu vyimbuka mu gihugu bishoka ari vyinshi ku masoko mpuzamakungu no mu karere Uburundi burimwo mu ntumbero yo kurwiza amahera y’agaciro.  Yamenyesheje kandi ko ubushobozi bw’abarundi mu kugura ibikorerwa ngaha canke birangurwa hanze biva mu kurwiza umwimbu na cane cane ibishoka ku masoko mpuzamakungu. Abarwizatunga rero ngo bakwiye kumenyera guhiganwa n’abagenzi babo bo mu bindi bihugu, nk’uko n’abandi babigira. Ku vyerekeye ikibazo abarwizatunga na cane cane abafise amahinguriro bagira co kuronka umuyagankuba ngo Reta irakizi kandi ngo kigiye gutorerwa inyishu muri uku kwezi kwa Nyakanga 2017.  Didace Ngendakumana yamenyesheje kandi ko ikigo API  mu vyo kijejwe harimwo guteza imbere no gutsimbataza urudandazwa na  cane cane gushorera ibidandazwa vyinshi ku masoko mpuzamakungu. Abarwizatunga rero ngo barakeneye kumenya ibisabwa kugira bashobore guhiganwa n’abandi. Intambamyi zihari rero ngo zitegerezwa gutorerwa umuti mu ntumbero yo kurwiza ibidandazwa Uburundi bushorera hanze.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir