Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza yaratanguje inkino zigira 11 zihuza abasirikare bo mu bihugu bigize umuryango wa EAC

PN45Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA  yaratanguje icese ku wa 26 Myandagaro 2017  inkino zigira 11 zahuje abasirikare b’ibihugu vyo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) havuyemwo ibihugu vy’Urwanda na Sudani y’ubumanuko. Ivyo birori vyatangujwe n’idefire y’abasirikare b’ibihugu vy’Uburundi, Ouganda, Kenya na Tanzaniya. Izo nkino zihuza abasirikare bo mu bihugu vyo mu muryango wa EAC zama ziba uko umwaka utashe hanyuma ivyo bihugu bigize umuryango wa EAC bigenda  bikuranwa mu kuzitunganya.  Igihugu c’Uburundi kikaba kizitunganije ubugira 2. Inyuma y’iyo defire, hakurikiye ingoma  n’intambo ndangakaranga z’ibihugu vy’Uburundi, Ouganda na Kenya.

Mw’ijambo ryo kwugurura izo nkino, umukuru w’igihugu yabanje guha ikaze abasirikare bari bitavye izo nkino, abifuriza kuroranirwa mu gihe cose bazomara mu Burundi. Yabandanije amenyesha ko kubona izo nkino zihuza abasirikare bo mu muryango wa EAC ari ikimenyamenya c’uko amahoro n’umutekano birangwa mu Burundi bitandukanye n’ivyo ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyirirwa biratangaza.  Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA  yaratanguje icese ku wa 26 Myandagaro 2017  inkino zigira 11 zahuje abasirikare b’ibihugu vyo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) havuyemwo ibihugu vy’Urwanda na Sudani y’ubumanuko. Ivyo birori vyatangujwe n’idefire y’abasirikare b’ibihugu vy’Uburundi, Ouganda, Kenya na Tanzaniya. Izo nkino zihuza abasirikare bo mu bihugu vyo mu muryango wa EAC zama ziba uko umwaka utashe hanyuma ivyo bihugu bigize umuryango wa EAC bigenda  bikuranwa mu kuzitunganya.  Igihugu c’Uburundi kikaba kizitunganije ubugira 2. Inyuma y’iyo defire, hakurikiye ingoma  n’intambo ndangakaranga z’ibihugu vy’Uburundi, Ouganda na Kenya. Mw’ijambo ryo kwugurura izo nkino, umukuru w’igihugu yabanje guha ikaze abasirikare bari bitavye izo nkino, abifuriza kuroranirwa mu gihe cose bazomara mu Burundi. Yabandanije amenyesha ko kubona izo nkino zihuza abasirikare bo mu muryango wa EAC ari ikimenyamenya c’uko amahoro n’umutekano birangwa mu Burundi bitandukanye n’ivyo ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyirirwa biratangaza.

Aline Kanyana

 

Ouvrir