Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara za Kirundo na Kayanza Ubutare ngo bucukurwa hisunzwe amategeko

Ibikorwa vyo gucukura ubutare birangurwa hisunzwe amategeko, ariko uburyo bukoreshwa butuma hataboneka umwimbu nyawo. Ivyo bivugwa n’abaganiriye n’umumenyeshamakuru w’igisata ca Documentation mu ntara za Kirundo na Kayanza, ku magenekerezo ya 25 na 27 Mukakaro 2017, abo nabo bakaba ari abajejwe intwaro hamwe n’abakora mu gisata co gucukura ubutare. Vyongeye, ngo ico gisata kirafise intambamyi zitari nke, nk’ibijanye n’urudandazwa rwa magendo , uburyo bw’umurengera bukoreshwa, imisozi ishobora gusenyukira ku bantu bariko barimba ubutare, n’izindi.Ibikorwa vyo gucukura ubutare birangurwa hisunzwe amategeko, ariko uburyo bukoreshwa butuma hataboneka umwimbu nyawo. Ivyo bivugwa n’abaganiriye n’umumenyeshamakuru w’igisata ca Documentation mu ntara za Kirundo na Kayanza, ku magenekerezo ya 25 na 27 Mukakaro 2017, abo nabo bakaba ari abajejwe intwaro hamwe n’abakora mu gisata co gucukura ubutare.

buramatari

Vyongeye, ngo ico gisata kirafise intambamyi zitari nke, nk’ibijanye n’urudandazwa rwa magendo , uburyo bw’umurengera bukoreshwa, imisozi ishobora gusenyukira ku bantu bariko barimba ubutare, n’izindi.Mu ntara ya Kayanza, ubutare bwa Coltan  buri muri komine Kabarore nk’uko twabibwiwe na buramatari w’iyo ntara, Anicet Ndayizeye, bukaba bucukurwa n’ishirahamwe ryitwa Taminco rikoresha imashini, hamwe n’amakoperative abiri agizwe n’abakoresha amaboko. Amakomine ya Matongo na Muruta nayo ngo arimwo inzahabu, ariko buramatari avuga ko ata bariko barazimba kuko n’abahora babikora i Matongo ngo barahagaritswe kugira bakore bisunze amategeko. Mu ntara ya Kirundo, amakomine yose kiretse Bugabira arimwo ubutare, nk’uko bishikirizwa na Daniel Macumi, umuhanuzi mukuru wa buramatari w’iyo ntara. Avuga ko ubucukurwa ari cassitérite, wolframite, coltan n’inzahabu, bikaba bikorwa n’amakoperative atandukanye. Ubwo butare burafitiye akamaro amakomine bucukurwamwo kuko burihirwa amatagisi. Buramatari w’intara ya Kayanza avuga ko abacukura ubutare, iyo hageze kubushora, itoni imwe bayitangira amafaranga 300 000 yinjira mu kigega ca komine. Musitanteri wa komine Busoni mu ntara ya Kirundo, Marie Claudine Hashazinka, nawe yatubwiye ko bariha ibice 15% vy’umwimbu baba baronse. Komine yungutse, n’abanyagihugu barahungukira. Nka komine Kabarore ngo igiye kwongereza uburyo bwo kuronka amazi meza hifashishijwe amatagisi yavuye mu butare.


Urudandazwa rwa magendo rwararwanijwe ariko ngontawovuga ko rwahagaze
Abacukura ubutare bari mu mashirahamwe canke mu makoperative ngo bakora bisunze amategeko kandi bakabigira mu muco. Ariko ngo hariho abandi bacukura ku giti cabo, bahora bacisha ahabo bakabushora mu bihugu bibanyi. Ariko abo bajejwe intwaro bose baremeza ko urwo rudandazwa rwo mu kinyegero barurwanije, n’ubu bakiriko, kuko abarubayemwo kuva kera bibagora kuruheba. Muri komine Kabarore ngo hari abafashwe bapfunzwe, bakaba bakatiwe umunyororo w’imyaka 10 n’iyirenga, hamwe n’ihadabu y’imiliyoni cumi canke zirenga. Eka no muri komine Busoni ngo abafashwe barapfunzwe, n’imiduga yabo yarahagaritswe.Buramatari w’intara ya Kayanza amenyesha ko kuva mu mpera z’umwaka w’2015, bashigikiwe na Reta, bahimirije abantu kurwanya urudandazwa rwa magendo, bikaba vyatumye n’umwimbu wiyongera. Mu 2015 ngo haboneka ubutare budashika itoni ku kwezi, ariko ubu ngo harashobora kuboneka amatoni 15 gushika kuri 20. Kugira bishoboke, habaye uguhimiriza abajejwe intwaro mu nzego z’intango, abagize amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, abajejwe umutekano n’abo mu butungane. Ukwo guhimiriza ngo kwajana n’inyigisho zo gukunda igihugu. N’umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Kirundo be na musitanteri wa komine Busoni baremeza ko urudandazwa rwa magendo rwarwanijwe cane bafashanije n’abagize amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose hamwe n’inyabune isanzwe ihuza abenegihugu, abo mu butungane, inzego z’umutekano hamwe n’abajejwe intwaro.

IMG 0075Intambamyi ziriho ariko harimwo n’akarusho
Rénovat Barambonye, umuhinga mu vy’ubutare mw’ishirahamwe Taminco  twamusanze aho iryo shirahamwe ririko ricukura ubutare ku musozi Kivuvu muri komine Kabarore intara ya Kayanza. Avuga ko ingorane nyamukuru mu gisata co gucukura ubutare zifatiye cane cane ku buryo bw’umurengera kuko bisaba gukoresha imashini nyinshi kandi zinywa igitoro cinshi cane, bakongera bagatanga n’umuzibukiro kuri bene amatongo. Vyongeye, ubutare si ubwo basanga hejuru, mu kuburonka barinda kwimba cane kandi harabamwo amasanganya. Ariko imashini bakoresha zija zirakuraho umusozi woshobora gukorokera ku bakozi, canke iyo ukorotse batarimwo zigashobora kuramwo ibihomoka hakiri kare bagasubira gukora ningoga. Ku mwaka bararonka nk’itoni 40 za Coltan ivanze na cassiterite kuko ubwo butare ngo buragendana, ariko 80% aba ari Coltan.Innocent Nsengiyumva, arongoye koperative Pamibu  igizwe n’abanyamitahe batanu, bakaba bafise ibibanza bitanu bimbamwo ubutare, avuga ko bariko baraba ko bosaba ingurane kugira bongereze umutahe. Kuri site y’i Murore aho twashoboye gushika, ngo bafise abakozi bari hagati ya 50 na 70 n’ababahagarikira 5. Intambamyi bagira ngo ni uko hari igihe basaba site bakabura ubutare. Ngo babubuze bibabera uruhombo kuko baba bamaze gusaba uruhusha rwo kwimba, bakoteye nyene indimiro. Asaba ko OBM yoborohereza ikabaha umwanya wo gukora ubushakashatsi, bakabaha nk’amezi atandatu, bakaja kwimba babonye ko ubutare buriho. Ariko rero n’uburyo bwo gukora ubushakashatsi ngo ntibushemeye.  Abakozi ni abo mu micungararo kuko ibice 50% vy’abagabo n’abasore ni abimvyi b’ubutare. Kubera ari wo mwuga ubatunze, usanga bagenda bashakisha, (hariho n’abadakorera mu ma « sites » kubera hari amategeko hakaba hari ibigaba bitemera gukurikiza amategeko bigashima kuja kwiyimbira ahantu vyigenga kubera imisozi myinshi irimwo ubutare) bagaheza bakarya akara abo mu makoperative bati aha na hariya twarahabonye amabuye. Ngo ntibararonka ababakorera ubushakashatsi ngo bababwire bati aha hantu hari ubutare bungana uku.N’aho biri uko barashima umwimbu baronka kuko igihe twahashika ku wa 25 mukakaro 2017, hari haciye indwi imwe bashoye wolframite ingana n’itoni imwe n’ibiro 150, n’uwo munsi bari biteze ko abakozi bo muri OBM baza kubahambirira ubutare bungana itoni n’inusu ya wolframite n’itoni 2 za cassiterite.Ku bijanye n’amasanganya, avuga ko atarabashikira kuko iyo babonye ko ikirombwe gishobora gutera ibibazo, baragisegura n’ibiti ku buryo umusozi wishikije uca ushikira kuri vya biti.  Avuga ko abakozi babagurira na vya bikofero vyo kwikingira (casques) ku buryo nk’ibuye rikorotse rishikira kuri casque igakingira umutwe.


Aho bahejeje gucukura ubutare bisabwa kuhatunganya neza kandi nabo baracafise ivyo basaba 

Rénovat Barambonye avuga ko imashini zisubiza ivu aho baba bahejeje gukora hanyuma bagaca bahatera ibiti. Mu masezerano bagiranira na Reta ngo biranditse ko bahejeje kwimba bagerageza kuhasiga hameze neza, bagateramwo ibiti kugira n’imiburiburi basubirize ivyo baba bahakuye. No muri komine Busoni intara ya Kirundo, abajejwe intwaro ngo barahimiriza abacukura ubutare ko bategerezwa gukingira ibidukikije. Abimba ku nkengera z’ibiyaga Kanzigiri na Rweru ngo baca bahatera urufunzo, abimba ku misozi nabo bakahatera ibiti.Rénovat Barambonye arashima ko baronka isoko bashoreramwo ubutare hanze y’igihugu, ariko ngo ibiciro bija birahindagurika. Mugabo ngo baragerageza gukora ku buryo baguma bafise ubutare bufise ibipimo vyiza kugira bashobore kuronka isoko ryiza, ku giciro ciza. Ico asaba ni uko Reta yoja irorohereza abashaka kwinjiza imitahe mu vyo kwimba ubutare, ikabaha nk’imyaka 4 canke 5 bakora batariha ikori kuko nabo baba bariko baragarura amahera bashizemwo mu gutangura.Innocent Nsengiyumva  avuga ko aho bashorera ubutare ari muri BME (Burundi Mineral Exports), rero ngo bakuzimvye canke batakuzimvye nta handi wungururiza. N’igiciro ngo nticoroshe gutomora neza kuko ngo ivy’amabuye biragoye, barashobora kubagurira neza mu giciro bakabazimbira ku gaciro k’amabuye kuko ata n’imashini bafise, bapimisha amaso, iyo bashorera ni bo baba bafise amamashini bakabapimira. Agira ati iyo ufise amasoko 2 canke 3 urashobora kugenda uraba aharuta ahandi. Ngo ntiyovuga ko badandaza nabi ariko habonetse amasoko menshi hobamwo akarusho. Vyongeye, impusha baronka ni izo gukoresha amaboko. Ngo baravuganye n’abo basangiye umwuga ko bosaba impusha zo gukoresha imashini, koperative ishoboye kwiyungunganya igakotesha imashini, ukwezi kumwe igakoresha bamwe, ugukurikira igakoresha abandi. Ntiboguma hahandi, barashobora gutera imbere.


Emérentienne Ndaruzaniye

Département de la Documentation

 

Ouvrir