Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yarahaye imfashanyo umuryango wibarutse ubushuri

 

dsessUmupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yarahaye imfashanyo umuryango wa Onésime Minani na Fabiola Nihoza bibarutse ubushuri ; abo bana bakaba ari abakobwa 2 n’umuhungu 1. Iyo mfashanyo bakaba bayishikirijwe n’uwaserukiye Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Nadine Nzomukunda ku wa 29 Myandagaro 2017 mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled.Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yarahaye imfashanyo umuryango wa Onésime Minani na Fabiola Nihoza bibarutse ubushuri ; abo bana bakaba ari abakobwa 2 n’umuhungu 1. Iyo mfashanyo bakaba bayishikirijwe n’uwaserukiye Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Nadine Nzomukunda ku wa 29 Myandagaro 2017 mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled.Abo bana ngo bavutse ku wa 12 Myandagaro 2017 nk’uko vyamenyeshejwe n’abavyeyi babo. Abo bavyeyi bari bakenye kandi bakurikije abana bandi 8. Uwo muryango usanzwe uturuka mu ntara ya Makamba, muri komine Makamba. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yabashikirije ibikopo 12 vy’amata y’ifu agenewe inzoya bita «France lait », impuzu z’izo nzoya, amasume, amabesani, indobo, amaranje, iteremusi 3, ibiro 100 vy’umuceri, ibiro 50 vy’ibiharage, amasabuni yo kumesa, amasafuriya 4,ifu y’ubuyi, amata bita « natura » hamwe n’ibitenge 2.Uwo yaserukiye umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Nadine Nzomukunda yarasengeye abo bana ngo Imana ibakomeze n’abavyeyi babo. Yarongeye amenyesha ko umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yiyemeje gufasha abatishoboye hamwe n’imiryango izoba yibarutse ubushuri.Iyo mfashanyo ngo izoheza ibunganire mu kiringo c’amezi atatu. Ngo ubwo bwabaye ubugira gatatu atanze imfashanyo ku miryango 3 imaze kwibarukira ubushuri muri ivyo bitaro vyo mu Kamenge.Umupfasoni Fabiola Nihoza yibarutse ubwo bushuri yarashimye imfasanyo umuryango wiwe waronkejwe n’umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA, aca asaba kubaguma hafi.

Epitace Nduwayo

Ouvrir