Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CVR : Intara ya Ngozi ishobora kuba irimwo ibinogo 300 vyahambwemwo abantu ikivunga

ddddeIbinogo vyahambwemwo abantu ikivunga ku buryo butabereye mu ntara ya Ngozi bishika 300, 60 bikaba biri muri komine Marangara nayo 6 ku mutumba Burenge wo muri iyo komine nyene. Ivyo vyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’umugwi  ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi CVR, Clément Noé Ninziza ku wa 2 Ruheshi 2020 igihe bariko barakora amatohoza ku kungene ubwicanyi bwo mu mwaka w’1988 muri komine Marangara bwagenze mu gihe hari hahejeje gutorwa ikinogo cahambwemwo abantu ikivunga ku musozi Burenge.Clément Noé Ninziza yamenyesheje ko gutora ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga ku buryo butabereye ari ikimenyamenya c’uko ahantu haba hakozwe amabi mu bihe vy’intureka Uburundi bwagiye buracamwo. Yarongeye amenyesha ko  umurwi CVR witavye akamo watewe n’abajejwe intwaro mu ntara ya Ngozi bamaze gutora ikinogo catawemwo abantu bagandaguwe mu mwaka w’1988 muri komine Marangara ku mutumba Burenge. Yarongeye amenyesha ko igikorwa c’uwo mugwi kizofasha kuvura ibikomere abantu bafise biciye mu kumenya irengero ry’ababo.

Abanyagihugu bo muri iyo komine bari bakuze ico gihe yabasavye gufasha mu matohoza yo kumenya ivyabaye n’ukugene vyagenze hamwe no kumenya ibinogo vyose vyahambwemwo abantu haba mu mwaka w’1988, imbere yaho n’inyuma yaho. Yarongeye amenyesha ko ivyo bimaze kumenyekana bizofasha gutegura kazoza gutyo bavuge bati «ntibizosubire mu Burundi». Avuga ko ari naho ukuri kwoheza kukaba umushinge wo kwubaka igihugu. Arongera kamenyesha ko umugwi CVR nawo ahawo ukora ku neza y’igihugu, abanyagihugu na kazoza kabo keza. Buramatari w’intara ya Ngozi Albert Nduwimana nawe yarakengurukiye abagize umugwi CVR bafasha igihe cose babituye. Yameyesheje ko baganiriye n’abanyagihugu kugira bamenye ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga. Avuga ko iyo ntara irimwo ibinogo nk’ivyo vyinshi kuva  ku ntambara yo muri Myandagaro 1988. Yamenyesheje ko ubwo bubisha bwahavuye butandukira na komine Kiremba vyegeranye. Ico gikorwa gisaba ubukerebutsi narirya benshi mu babibonye batakiriho. Avuga ko Imana yahaye kiremwa muntu ingabirano itahaye ibindi bikoko kuko wewe avuga kandi yamuhaye kubiganza. Niko kumenyesha ko igikorwa gihesha iteka Abarundi bose kitaraba imigwi y’abantu. Musitanteri wa komine Marangara Emmanuel Ntaconsanze nawe yamenyesheje ko umutumba Burenge ari umwe mu mitumba 34 igize komine Marangara uriko ibinogo bitari bike  abantu bishwe mu mwaka w’1988. Yamenyesheje ko ivyo bisigarira vyo ku musozi Burenge babiguyeko bariko bimba umushinge wo kwubakamwo inzu y’inama iruhande y’ivuriro ry’i Burenge. Yarongeye amenyesha ko hari n’ibindi binogo ku mutumba Ruramba. Naho nyene abantu bavyubatseko bariko bimba umushinge w’aho bagira bubake inzu. Naho biri uko abanyagihugu bo muri iyo komine ngo babanye neza kandi n’umwimbu wifashe neza. Muri kino gihe asaba abanyagihugu kubandanya ibikorwa vyo kwiteza imbere. Inyuma yaho abanyagihugu bamwe bamwe bo muri iyo komine bari bakuze barashinze intahe  ukugene bashoboye kurokoka n’ukugene abantu bishwe. Uwitwa Elie Mugishawimana yamenyesheje ko mu mwaka w’1988 yari afise imyaka 10, yiga mu mwaka wa gatatu. Amenyesha ko mu bana bashika 30 baryamitswe hasi n’abasirikare ico gihe hashoboye kurokoka abashika 10 gusa. Avuga ko yakuze ari impfuvyi kuko abavyeyi biwe n’abo bavukana bishwe ico gihe. Naho biri uko yarashoboye kwiga, ubu akaba ariwe arongoye ivuriro ry’aho i Burenge. Aho muri komine Marangara intureka zahashitse ku wa 17 Myandagaro 1988 bihereye ku musozi Nyamugari. Bukeye kabiri indege yaciye iza iturira imisozi i Rubaya n’i Nyakarondo ku buryo abantu baca babura iyo bahungira. Muri ico gihe abasirikare nabo baba bariko bica abanyagihugu ahanini bakoresheje imipanga n’imbugita zo ku nkoho. Uwundi yashinze intahe ni uwitwa Jean Baptiste Savyimana aba ku mutumba Ruramba wo muri komine Marangara. Avuga ko ico gihe yari afise imyaka 32 n’abana batanu. Abasirikare bamusanze aryamye baca bamusaba amahera arayabura, mu nyuma baca bamusaba ikirwanisho afise avuga ko ataco afise. Niho baca bamusangana umupanga bagaca bamubwira kuryama hasi n’abana biwe batanu. Baciye barasa abana biwe nawe baca bamucumita imbugita yo ku nkoho ku kuboko, bongera bamutema n’igipanga kw’izosi aguye hasi baca bamucumita imbugita mu mu mugongo  baca bibaza ko yacikanye. Mu nyuma umukenyezi wiwe yaje asanga ari ikiruruma. Mw’ijoro yaciye amutenga ahari ibikomere ku mutwe aca agenda mw’ijoro kwivuza mu bitaro vy’i Marangara. Avuga ko no mu bitaro babasangayo kugira babahohoshe ariko abaganga baciye bavuga ko arwaye marariya kandi ava muri komine Vumbi abona kurokoka. Abandi banyagihugu bo muri iyo komine bamenyesha ko bishwe n’abari bajejwe kubakingira kuko nka musitanteri w’iyo komine ico gihe ariwe yakorana n’abasirikare mu kubarangira imihana y’abantu bo mu bwoko bw’abahutu. Uwo nyene niwe yagira no mu ndege y’abasirikare bazunguruka komine yose baturira n’imisozi kugira abantu ntibaronke n’ukugene bahunga. Uwundi yafashije muri ubwo bwicanyi ngo ni uwari arongoye iryo vuriro ry’i Burenge.

Epitace Nduwayo

Ouvrir