Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Komine Mugongo-Manga Igiterwa c’icayi kirunganira mu kurwanya ubukene ku banyagihugu bakirima

cccfIgiterwa c’ icayi ni kirumara cane ku banyagihugu bari mu ntara kama ya Mugamba kuko ngo nico kibafasha kujana abana kw’ishure, mu kubagurira amakaye canke kubarihira amashure. Ivyo vyashikirijwe n’umurimyi w’icayi Ruzariya Sinimanga wo muri komine Mugongomanga intara ya Bujumbura  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE Ku wa 30 Rusama 2020. Ruzariya Sinimanga yamenyesheje ko icayi ari nk’inzahabu muri iyo komine kuko uwufise icayi kimufasha muvyo akenera we nyene hamwe n’umuryango wiwe. Ishirahamwe  ririma rikongera rigahingura icayi OTB rigura icayi amafaranga 250 ku kiro. Uravye ayo mahera womengo ni make ariko nayo aduze vuba kuko Ruzariya Sinimanga yatanguye kugisoroma babagurira ku ikiro c’icayi amafaranga 25, ubu rero barwije incuro 10 barakenguruka cane. Umusoromyi w’icayi arashobora gusoroma ibiro biri hagati ya 40 canke 50 bivanye nuko yazindutse akagisoroma hakiri kare izuba ritaraba ryinshi, bisigura ko hagera ko ahembwa afise ibiro biri hagati ya 600 na 750.Icayi ngo ntigisoromwa n’uwariwe wese, harimwo ubuhinga kuko bisaba kuraba amababi atatu akiremvye ayandi ukayatemera hasi kugira ntikigume kiduga gisumbana, kigume kireha. Gukorera icayi ni nkenerwa ku murimyi na cane cane ku kibagara uko ubonye ivyatsi vyamezemwo kandi mu gihe c’imvura biramera cane, bisabwa ko babagara uko amezi 3 aheze. Icayi birasabwa kandi ko gikatwa kugira gisubire kunaga gitotahaye kandi kirwiza umwimbu, bikaba bikorwa ngo imyaka 2 iheze,  kandi biri mu bivuna umurimyi kuko bizimvye, ariko aragerageza akabikora. Ishirahamwe OTB riraronsa abarimyi ifumbire ku giciro kitavuna, bayitanga baravye umwimbu w’icayi ufise kuko no mu kuriha bakata amahera kuyo babahemba. Umurimyi hageze ko bamuhemba yaratoye amase baca bamuharurira amafaranga 200. Igituma amahera y’icayi ari kirumara ni uko batayatanga uko umurimyi ashoye icayi, basoroma amezi 2, bagaca babahemba ku kwezi kugira 3. Uwasavye ideni agashobora kuryishura canke ari igihe co kugura akabuto akakagura akabona kuronka ibiterwa mbumbarugo, n’uwugura igitungwa akakigura kikazomwunganira muri kazoza. Ruzariya Sinimanga yasozereye amenyesha ko naho igiterwa c’icayi cadugije igiciro ku kiro, 250 ayo mahera aracari make kuko adashobora kugura  ikiro c’umunyu. Agasaba ko   bishobotse Reta yosubira kuduza igiciro ku murimyi  w’icayi kugira nabo bagikorere bezwe n’umutima.

Anitha Bizimana

Ouvrir