Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abana bagendana ubumuga bwo kutabona bararekuriwe kwiga hamwe n’abandi babona

ibihaAbana batabona ni abana nk’abandi abavyeyi basabwa kubafata co kimwe n’ababona mu kubajana kw’ishure no kubakorera vyose nk’ibikorerwa abadafise ubumuga bwo kutabona. Ivyo vyashikirijwe n’umwe muri abo bana, Mugisha Violette igihe yaganira n’ikinyamakuru UBUMWE igenekerezo rya 22 Rusama 2020.  Yavuze ko akiri muhira yari azi ko ariwe wenyene atabona akwumva umengo ubuzima bwiwe buzoherera muhira. Ntakwisanzura yari afise mu muryango, ntiyigera abona ko abavyeyi bamukunda. Ngo amaze gushika mu kigo ‘Fondation Penn’. Kiri muri karitiye « Asiatique » komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yahasanze abandi bana basangiye ubumuga aca yumva aremye, aca abona ko atari wenyene  ku buryo yahungukiye n’abagenzi basangiye ubumuga akumva ko yisanzuye. Avuga ko iyo ariko araganira n’umuntu badasangiye ubumuga atamwisanzurako nk’uwo basangiye ikibazo.

Arashima cane ko bamushize mw’ishure yizeye ko rizomushikana aho azovamwo ikintu gikomeye mu gihugu muri kazoza. Thérence Nininahazwe uwundi mwana atabona yaganiriye n’ikinyamakuru UBUMWE yamenyesheje ko kuva atanguye kwiga yiyumvisemwo ko abaye uwundi muntu.Akaba yavuze  ko bagerageza gukurikirana inyigisho baronswa kandi ko ivyigwa bibananira mw’ishure biheza bikananira n’ababona. Noneho ngo mu buzima ntacoroshe kuko naho bakoresha ubuhinga buhanitse, nko mugusoma bobo bakoresha gukorakora ku ndome canke ibiharuro,  ntibibatera ikibazo. Barabimenyera bigatuma bashobora gutegura ivyigwa nk’abandi banyeshure,   batagendana ubumuga bwo kutabona. Bisubiye ngo barashoboye. Asaba abandi bana batabona ko bariho kubwo ubugombe bw’Imana ko batokwihebura.Ukwihebura ku mwana atabona kenshi biva mu muryango aba abayemwo. Basaba abavyeyi gufata co kimwe abana bose ata nkunzi kuko umwana agendana ubumuga  ari umwana nk’abandi kandi iyo yitaweho atera imbere nk’abandi. Abo bana bagendana ubumuga nabo ngo barashimira cane ikigo « Fondation Penn cabakiriye  bagasaba abakirongoye ko boshishikara kubitaho n’aho bibatwara uburyo bwinshi. Babasaba kudacika intege kuko bobo ataco bafise bobaha ariko Imana yonyene izobahemba.

Jacqueline Niyonkuru

Ouvrir