Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwego CNC rurashima igikorwa caranguwe n’urunani rw’ibimeshamakuru co gukurikirana uko amatora aheruka yagenze

mapaUrwego rujejwe gukurikirana ingene  ibimenyeshamakuru bikora CNC rurakengurukira abarongoye ibinyamakuru vyakoreye mu runani hamwe n’abamenyeshamakuru baranguye igikorwa co gushikiriza amakuru yerekeye itunganywa ry’amatora kuko berekanye ko bazi umwuga wabo, berekana n’umutima wo gushira imbere ineza ya bose. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye urwego CNC Nestor Bankumukunzi mw’itangazo yashikirije kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2020 rijanye n’ingene abamenyeshamakuru bakoze imbere y’amatora yo ku wa 20 Rusama 2020, muriyo n’inyuma yayo.  Nk’uko Bankumukunzi yabimenyesheje, ngo imbere y’uko amatora aba, ikigo CNC cari casavye ko ibinyamakuru vy’igihugu biha umwanya ku rugero rumwe abiyamamaza ngo bashikirize imigabo n’imigambi yabo. Ngo bari basavye ko ibinyamakuru vy’abigenga navyo nyene vyoterera muri ico gikorwa co gufasha abiyamamaza gushikiriza imigambi yabo kandi ngo uko vyari vyateguwe niko vyagenze. Niko guca amenyesha ko abamenyeshamakuru bashika 340 baserukira ibinyamakuru 49 bakoreye hamwe mu gushikiriza amakuru ajanye n’ingene imyiyamamazo yatanguye hamwe n’ingene amatora yagenze bongera baranamenyesha ibiharuro vya mbere vy’imfatakibanza vyavuye mu matora. Yarongeye amenyesha ko ico gikowa bagikoranye ubuhinga n’umwitwarariko kugira abantu bose bashoboye kuronka amakuru akwiye kandi ateguwe neza. Ngo mu gihe c’imyiyamamazo ibinyamakuru vyakoze kimwe cose ukwaco bivanye n’uburyo n’umwanya vyari bifise ariko ngo uko vyari kwose ababikeneye barashoboye gukurikira neza ingene imyiyamamazo yariko iragenda babifashijwemwo n’ivyo binyamakuru nyene. Ku bijanye no gushikiriza imigabo n’imigambi y’abiyamamaza, ngo ibinyamakuru vy’igihugu vyaratanze umwanya ungana n’iminota cumi n’ibiri, abavyifuje bakaba barashoboye gukoresha ako kanya mu gushikiriza imigambi borangurira abanyagihugu mu gihe botorwa. Ikindi naco ngo mw’ijoro ryo ku wa 20 Rusama 2020 na bukeye bwaho, abamenyeshamakuru bahurikiye mu runani ntibaryamye naho bari barushe, ngo biriwe barakora barara barakora bongera birirwa barakora mu ntumbero yo kumenyesha ingene amatora yariko aragenda n’ibiharuro mfatakibanza vy’intangamarara vyayavuyemwo. Yarongeye amenyesha ko kubera uko kwitanga, umwete n’ubwira abamenyeshamakuru bakoranye, Abarundi n’amakungu bashoboye kumenya ingene amatora yariko aragenda kuko babaye ijisho n’ugutwi vy’uwipfuza wese kuronka amakuru ajanye n’ico gikorwa cari gihambaye ku gihugu. Ngo ibikorwa baranguye mu nteguro y’amatora vyarafashije bimwe biboneka mu kumenyesha abanyagihugu ingene amatora yari atunganijwe, ikirangaminsi cayo, inyifato yari kubaranga ijanye no kwirinda imvugo ibiba urwanko canke iteranya. Yarasavye abamenyeshamakuru kubandanya bakora neza kuko amatora atararangira kandi ikiringo c’inyuma y’amatora kibasaba kuguma bamenyesha ingene ibikurikira amatora biriko biragenda, yarongeye abasaba ko uwoba yarihenze yogerageza gukora neza gusumba gutyo ngo amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru n’ubuhinga bujanye nawo bibe arivyo vyonyene bibabera ishimikiro. Yaheraheje akengurukira abafashije  bose harimwo Reta y’Uburundi, umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora ingene wakoranye neza n’abamenyeshamakuru, atibagiye abashigikiye ihiganwa ry’abamenyeshamakuru mu gushikiriza amakuru n’ibiganiro vyafashije gusumba ibindi kugira amatora agende neza.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir