Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abantu 63 nibo bamaze kwandura umugera COVID-19 ku bantu 1058 bamaze gupimwa

Abantu bamaze gupimwa kugira barabe ko batanduye umugera wa Coronavirus mu Burundi bashika 1058 muribo 63 bakaba aribo basanze bamaze kwandura uwo mugera. Muri abo banduye 33 muribo barakize, 29 baracavurwa nayo umuntu umwe akaba ariwe amaze guhitanwa n’ico kiza. Ivyo vayshikrijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, muganga Thaddée Ndikumana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje gukoresha inama abajewe ubuvuzi bo mu ntara zose. Muri iyo nama bariko bashikiriza igitabu canditswe n’abahinga b’abarundi ku kugene abantu bokwifata muri kino gihe c’ikiza ca COVID-19. Umushikiranganji Thaddée Ndikumana yamenyesheje ko ivyo biri mu mice itatu, ubwa mbere ukaba ari ugukurikiza ingingo zafashwe na Reta, ubwa kabiri gupima abanyagihugu hamwe n’imiti yohabwa abanduye uwo mugera. Izo ngingo rero ngo ni izogenderwako mu kurindira ko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu  (OMS) rishikiriza neza ingingo ngenderwako igihugu cose cokwisunga. Yamenyesheje ko icibonekeza muri kino gihe ar’uko abantu batanguye guhororokerwa mu gukurikiza ingingo yo gukaraba yafashwe na Reta. Niko gusaba abarundi kubandanya bakurikiza iyo ngendo nziza kuko kiretse gukinga COVID-19 ifasha no gukinga izindi ndwara zifataira kw’isuku rike. Muganga Thaddée Ndikumana yarongeye amenyesha ko abaganga bobandanya bavura abantu barwaye izindi ndwara nk’uko vyahora. Aho akamenyesha ko abantu barwaye nk’umugera wa Sida bobandanya bafata imiti yo gufupfahaza nk’uko vyahora kuko vyibonekeje ko hari bahororokewe. Yamenyesheje ko n’abarwaye marariya, n’izindi ndwara zidakira nk’igisukari, ivuduka ry’umurindi w’amaraso, n’izindi kubandanya bafata imiti kuko bayihagaritse izo ndwara arizo zica zibahitana. Yarongeye amenyesha ko abantu babangamiwe mu Burundi ari urugero rw’abari hagati y’imyaka 35 na 44. Ibitaro abarwaye COVID-19 bavurirwako gushika ubu ni ibitaro Roi Khaled, ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, Kira na BUMEREC. 

Epitace Nduwayo

Ouvrir