Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuhuza w’Abarundi yarakeje abo bose batumye amatora yo ku wa 20 Rusama 2020 agenda neza

6665544Umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana amenyesha ko yakiranye urweze ivyavuye mu matora y’Umukuru w’igihugu n’abashingamateka yo ku wa 20 Rusama 2020 nk’umuhuza w’Abarundi n’imvukagihugu. Yaboneyeho akaryo ko gukeza Abarundi bose bitabiriye amatora n’abo bose bagize uruhara kugira habe intambwe nk’iyo mu gutsimbataza demokarasi. Hari ku wa 25 Rusama 2020 mw’ihoteri « Club du Lac » mu gihe umukuru w’umugwi CENI Pierre Claver Kazihise yari ahejeje gushikiriza ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora y’Umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka. Akaba rero yarashimiye Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo kudasubira kwitoza, agashira imbere umwe mubo basangiye umugambwe kugira yitoze. Mu bagize uruhara muri ayo matora akaba yarakeje abagize umurwi CENI, abamenyeshamakuru n’abajejwe umutekano kuko bagize uruhara kugira amatora abe meza. Yamenyesheje ko urwego rw’umuhuza rwari rwarabagirishije inama nyinshi mu ntumbero yo gutunganya amatora meza. Yarongeye arakeza abarushije abandi ahereye ku waserukiye umugambwe CNDD-FDD n’abashingamateka bose barushije abandi. Yarongeye atera intege abatatowe kugira bitegurire amatora azokurikira. Umuhuza w’Abarundi yarongeye amenyesha ko ayo matora yerekanye ibitari bike ku buryo Abarundi bamaze kubona ko ivyo bapfa kera vyataye igihe. Aho akamenyesha ko demokarasi yateye iyindi ntambwe mu gutsimbatara mu Burundi umuntu aravye ukungene Abarundi bitabiriye ayo amatora mbere bakayitabira batekanye.

Ivyo bikerekana ko Abarundi bose hamwe bafatanye mu nda vyose bishoboka. Ikindi cigwa gikomeye ni ukubona Abarundi bitunganiriza amatora ata buryo buvuye hanze, iyo ikaba intambwe nshasha mu gihugu c’Uburundi. Ikindi yakuyemwo ngo n’uko hari ibibazo biriko birarangira umuntu aravye ukungene amatora yagenze mu ntara zitandukanye. Yamenyesheje ko batoye imigambwe mu butandukane bw’amoko n’ibindi. Akamenyesha ko abanyeporitike bakwiye kubona ko aribo babazanamwo amacakubiri bashaka gushika ku nyungu zabo. Ikindi n’uko Abarundi bamaze gutahura inyungu zabo ku buryo wasanga hari abatoye Umukuru w’igihugu ku bashingamateka naho bagatora abari mu mugambwe wundi kubera bamaze kubona abobagirira akamaro arico gituma amajwi y’abatoye. Umukuru w’igihugu atandukanye n’ayo abashingamateka. Yarongeye atera akamo abanyeporitike bahiganywe kugwana mu nda, abakabona yuko muri poritike atawutsinda kandi atawutsindwa. Aho akamenyesha ko ari demokarasi yatsinze aravye amajwi bamwe n’abandi baronse. Ikindi bakwiye kwibuka ni ugushira mu ngiro ivyo bemereye abanyagihugu. Yarongeye asaba abarundi kwirinda imvugo canke ingendo yotuma intambwe ya demokarasi umunyagihugu ahejeje gushikako ataronka inyungu zayo. Abanyagihugu nabo hamwe n’abajejwe umutekano abasaba kubungabunga amahoro n’umutekano ku neza yabo n’iy’igihugu.

Epitace Nduwayo  

Ouvrir