Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshikiranganji Umugambi urashe mpuzabisata ugira kabiri utuma abanyagihugu bashobora gufungura neza waremejwe

minintrUmugambi urashe mpuzabisata ugira kabiri utuma abanyagihugu bashobora gufungurira neza PSMSAM II warihwejwe wongera uremezwa n’Inama Nshikiranganji yakoranye ku wa 27 Rusama 2020, ku murwa mukuru wa poritike i Gitega irongowe n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Uwo mugambi washikirijwe n’ibisata vyo mu biro vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu.  Abashikiranganji barongeye barihweza n’izindi ngingo zikurikira  :

Integuro y’itegeko nshikiranganji rijanye no gushira ku rugero rumwe imishahara y’abakozi bo mu maporoje Reta itunganya ifashanije n’amashirahamwe n’ibihugu bigenzi vy’Uburundi.Isuzumwa mw’ido n’ido ry’ishirahamwe rijejwe ivyo kwunguruza abantu n’ibintu n’indege Air Burundi rifatanye n’isuzumwa ry’ishirahamwe rijejwe gutunganya imirimo itandukanye ijanye n’uruja n’uruza rw’indege ku kibuga c’indege ca Bujumbura SOBUGEA mu ntumbero yo gushinga agaciro k’ubutunzi bw’ayo mashirahamwe yompi muri ibi bihe hamwe n’ugutanga intumbero itomoye yo gusubiramwo no kuzamura ishirahamwe Air Burundi no guteza imbere ubushobozi bw’ishirahamwe SOBUGEA. Izo ngingo zompi zashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, no gufashanya mw’iterambere ry’ubutunzi.Integuro y’itegeko ryegurira uwitwa Gafeteri Gerard ikibanza kigenewe gushingamwo ihinguriro.Iyo nteguro yashikrijwe n’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu,ibikorwa vya Reta, hamwe n’itunganywa ry’amatongo. Integuro y’itegeko ryerekeye itangwa ry’uruhusha rwo gukora ubushakashatsi ku butare bw’akabuyenge mu karere ka Minago-Murago(province Rumonge) kw’ishirahamwe FEMINGO-SPRL.Urwandiko rwerekeye intumbero yokwisungwa mw’isubirwamwo ry’inzego ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO rikukira. Izo ngingo uko ari zibizi  zashikirijwe n’umushikiranganji w’amazi meza, amasoko ntanganguvu hamwe n’ubutare.


Vyahinduwe mu Kirundi na 

Jean Robert Nshorirambo

Ouvrir