Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi wo gukingira amabarabara asohoka canke yinjira mu gihugu urategekanijwe

diuuuReta y’Uburundi  irategekanya umugambi wo gukingira amabarabara y’Uburundi asohoka canke yinjira mu gihugu,  biciye mu mugambi wo kurihisha imodokari ziyaciyemwo. Uwo mugambi ngo uko utunganije n’uko hazokwubakwa ibibanza vyo gupimiramwo imodokari uburemere bwazo, gutyo zirihe bivanye n’uburemere bwazo, ico bise “péage et pésage”. Ivyo bikazofasha kwubahiriza itegeko ryashinzwe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ko imodokari zunguruza ibidandazwa  zitorenza amatoni 56 harimwo n’uburemere bw’imodokari yikoreye ivyo bidandazwa. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutunganya amabarabara mu Burundi, Emile Ndayisaba, ku wa 26 Rusama 2020,  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutunganya amabarabara mu Burundi, Emile Ndayisaba yabandanije abishikiriza, ngo umugambi w’uko imodokari zikoresha amabarabara makuru makuru asohoka canke yinjira mu gihugu zizorihishwa amafaranga urategekanijwe. Uwo mugambi ngo uzofasha kugira ayo mabarabara ashobore gukingirwa n’uko yoza arasanurwa igihe yononekaye. Ku mabarabara yose asohoka nayinjira mu gihugu hazotunganywa ibibanza vyo gupimiramwo uburemere bw’imodokari zinjira hamwe nizisohotse igihugu, ivyo bizofasha kugira izo modokari zishobore kurihishwa amafaranga. Itegeko nshikiranganji rishiraho uwo mugambi ngo rizoterwako umukono. Izo nyubako z’intangamarara zitegekanijwe kw’ibarabara rya Bujumbura - Bugarama zimaze kwubakwa. Izo nazo ngo zizokwubakwa i Mageyo, mu ntara ya Bujumbura, aho n’ikibanza camaze kuboneka. Intumbero y’uwo mugambi ni ukubuza abunguruza imizigo ko barenza uko bishakiye kuko bituma amabarabara yononekara mu kiringo gitoya kandi yubakwa ku buryo bwinshi cane. 

Ikibanza co kurihisha kw’ibarabara RN1 kizokwubakwa i Mageyo
Inyuma y’umugambi w’intangamarara, ngo bazoca batunganya ibindi bibanza nk’ivyo mu Gatumba, i Gitega, Ruhwa hamwe na Mugina-Mabanda kubera ko kuri ayo mabarabara hinjirana imodokari zizanye imizigo iremereye. Amabarabara yo mu gihugu hagati ngo ntarabwa n’uwo mugambi, ariko imodokari izoba igiye mu gihugu hagati igaca ahari ivyo bibanza, nayo nyene izotegerezwa kuriha, umugambi umaze gutangura. Imodokari zitazoriha ni imodokari zigiye ku maziko hamwe n’imodokari zireruye abategetsi b’inzego z’igihugu, ni ukuvuga imodokari zireruye Umukuru w'igihugu, icegera ciwe, umushikiranganji wa mbere hamwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka.Muri ivyo bibanza, amafaranga  azotozwa n’ikigo OBR naco kiyashikirize ikigo kijejwe gutunganya amabarabara mu Burundi kugira kiyikoreko mu gusanura amabarabara igihe yononekaye. Uwo mugambi kandi  uje gufasha gukurikirana ivyo gutwara imizigo kuko ngo hari imodokari ziva mu gihugu ca Tanzaniya zizanye imizingo, zigeze i Kobero, ngo imizigo yaje mu modokari zibiri, bigaca bija mu modokari imwe. Ukwo kutubahiriza amategeko ngo biri mu bituma amabarabara y’Uburundi yononekara mu mwanya muto, aho ni mu gihe ibarabara ryubatswe hari uburemere bw’imodokari ridashobora kurenza. Uwo mugambi umaze gutangura, ngo imodokari yose bazosanga yarengeje, izocibwa ihadabu  mweneyo aheze agabanye imizigo itwaye kugira ishobore kubandanya urugendo.Ku kibazo co kumenya ico bategekanya kw’ibarabara rya Bujumbura - Bugarama RN1, ibice bimwe bimwe vyaryo vyononekaye, umuyobozi mukuru w’ico kigo yamenyesheje ko bakoze ivyigwa bisabwe na Reta, aho ibibanza vyononekaye cane bishobora gusanurwa ku mafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2020 ushira uw’2021. Ku bijanye n’ibarabara RN16, Bururi-Gitega, kuva i Taba, mu ntara ya Bururi uja mu ntara ya Gitega, ngo igice ca mbere c’iryo barabara ku burebure bw’ibirometero 34,72, ibikorwa vyo kuryubaka vyatanguye ku wa 16 Ndamukiza 2020. Ibikorwa vyo kwubaka ico gice ca mbere, bikazomara ikiringo c’amezi 24, bikazotwara uburyo burenga imiriyari 42 z’amafaranga y’amarundi (42 779 798 824 FBu). Ubwo buryo bwatanzwe n’amabanki 3 y’abarabu ariyo BADEA, OFID na Fonds Koweitien, Reta y’Uburundi ikaba yatanze ibice 6,97 vyayo mafaranga.

Igice c’ibarabara rya Rumonge-Gitaza kizokorwa ku buryo butanzwe na BAD
Ku bijanye n’ibarabara rya Nyanza-Lac-Bujumbura, ngo n’ibarabara rizokorwa mu mice ibiri. Igice ca mbere, ni ukuvuga Nyanza-Lac-Rumonge, kizokorwa ku ngurane y’amabanki atatu y’abarabu, ikindi gice naco kuva Rumonge gushika i Gitaza, uburyo buzotangwa n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD. Kuri ico gice ca kabiri, ngo umwaka ntuzohera ibikorwa bidatanguye kuko iyo banki yamaze gutanga uruhusha rwo gutanga isoko, ndetse mu kigo kijejwe gutunganya amabarabara mu Burundi ngo baramaze kurungika urutonde rw’amashirahamwe yahiganywe, hasigaye ko iyo banki yemerera rimwe murayo kugira ibikorwa bitangure. Mu kigo kijejwe gutunganya amabarabara hoho bakabona ko ivyo bikorwa bishobora gutangura hagati y’amezi ya Ruheshi na Myandagaro uno mwaka.Ibarabara RN11 ryo mu Kumoso, riva mu Rutana rija mu Cankuzo ngo ikigo kijejwe gutunganya amabarabara mu Burundi, caramaze gukora ivyigwa aho habonetse abatanga uburyo iryo barabara ryoca rikorwa. Iryo barabara ngo na Reta y’Uburundi irarizi. Ku bijanye n’ibarabara RN5, igice ca Ruhwa-Nyamitanga, aho ibice bimwe bimwe vyaryo vyatanguye kubomoka, ngo mu kigo kijejwe gutunganya amabarabara n’umushikiranganji abatwara, n’ishirahamwe ryakoze iryo barabara hamwe n’Icegera ca kabiri baragizeyo urugendo kugira birabire uko iryo barabara ryifashe. Muri urwo rugendo, ngo barabonye ko hari ibice bimwe bimwe vy’iryo barabara vyubatswe nabi n’ishirahamwe ryakoze iryo barabara ryarabibonye, ubu ngo bararindiriye kuvugana kugira barabe ivyokorwa n’ishirahamwe ryobikora.

Déo Misigaro

Ouvrir