Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugwi CENI urashimira abafashije bose kugira amatora yo ku wa 20 Rusama 2020 agende neza

umukuUmugwi w’igihugu wigenga ujejwe  gutunganya amatora CENI urashimira abo bose bafashije mu gikorwa c’amatora kugira kiranguke neza congere kigende neza. Ivyo vyashikirjwe n’umukuru w’uwo mugwi Pierre Claver Kazihise mu kiganiro yashikirije abamenyeshamakuru ku wa 28 Rusama 2020.Ubwa mbere yashimiye abarundi bamaze gutegera ko amatora ari ayabo kandi abaha akaryo ko kwitorera idongozi zitandukanye. Arashima n’uko bitavye amatora batekanye kandi hakiri kare naho hari ibihuha vyariko bicanacanako. Yarongeye arabakeza kuko biteye iteka bakongera bakaritera igihugu cabo.

Yarongeye ashimira Reta n’inzego z’igihugu, abajejwe ubutungane, umutekano, abajejwe intwaro n’abandi begeranije uburyo bwose bukenewe kandi bukaba bwarabonetse. Yamenyesheje ko ari intambwe ikomeye yo gushima no gushigikira. Yarashimiye n’abajejwe intwaro bararitse abanyagihugu kugira bitabire amatora bakongera bagafata mu mugongo umugwi CENI. Yarashimiye n’imigambwe n’abitoza bamye bakorana neza kuva mu ntango y’integuro y’amatora gushika ico gihe. Yarakeje n’abahiganywe badahezanyayo n’ingene babandanya bakorana neza aho ibikorwa bigeze. Basabwa kubandnaya muri iyo nzira. Yarakengurukiye kandi abarorerezi bo mu mashirahamwe 39 yo mu gihugu yakurikiranye ivy’amatora kuva mu ntango, ubu bakaba bariko barabashikiriza uko babonye amatora yagenze aca arabakengurukira. Arakenguruka umutima bakoranye ico gikorwa, bakaba babaye ivyabona vy’uko amatora yagenze kandi bakaba barabikoze. Nka bose baremeje ko  amatora yagenze neza. Arashima kandi kubona abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi barakurikiranye ayo matora. Ivyo  bikerekana umubano mwiza uri hagati y’ibihugu vyabo n’Uburundi kandi arashima uwo mutima watumye babona ko bikenewe gufasha urubanza ruhambaye nk’amatora.Yarakeje n’abamenyeshamakuru bakoreye mu runani bagize kuva ku munsi w’amatora gushika mbere begeranye ivyayavuyemwo. Ngo bakaba batumye abanyagihugu nabo bashoboye gukurikirana ukugene amatora yariko aragenda mu gihugu cose. Yarangije akeza abakozi b’umugwi CENI guhera ku bari mu biro vy’amatora gushika hejuru.  

Epitace Nduwayo 

Ouvrir